Amabarabara ngo yoba agiye gusubirwamwo

0

Ivyo vyavuzwe na Jean Bosco Ntunzwenimana, umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu kur’uyu wa kane mu gihe yariko arerekana ivyakozwe n’ubwo bushikiranganji mu gice cakabiri c’umwaka wa 2019. Jean Bosco Ntunzwenimana akavuga  ko yarungitse abahinga mu mihingo yose y’igihugu gukora ivyigwa vy’aho amabarara abangamiwe cane.

Iryo sambuka ry’amabarabara rirashobora gutuma uruja n’uruza ruhagarara mu gihugu hamwe atagikozwe kandi Uburundi bwohahombera ibintu vyinshi. Iryo bomoka ry’ibiraro bicako amabarabara rikaba ryatumwe n’imvura nyinshi yarimaze iminsi myinshi igwa m’Uburundi.

Jean Bosco Ntunzwenimana akavuga akavuga ko yamaze gutanga icegeranyo c’abo bahinga kubamukurira kugira ibikorwa bishobore gutangura.