Imyiyerekano Yo Gushimira Ibihugu Vya Afrika Bifashe Mu Mugongo Leta y’Uburundi.

0

Ejo ku musi wa gatandatu itariki 30 Nyakanga 2017, harabaye imyiyerekano mu gihugu cose yo gukengurukira Umugwi w’ibihugu vya Afrika vyerekanye ko bishigikiye Uburundi mu gutora ikindi cegeranyo kiza kivuguruza icari casohowe na ONU ku Burundi.Hakaba harasohowe ubutumwa bwa Leta y’Uburundi bwerekana uko Leta ikengurukia ivyo bihugu vya Afrika nivya Aziya vyatoye neza mu gushigikira Uburundi.

Mu gisagara ca Bujumbura, imyiyerekano ikaba yabereye ahitwa Place de l’Independence mu gisagara hagati aho n’umufasha w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Terance Ntahiraja yamenyesheje ko intumbero y’iyo myiyerekano ari ukwerekana ugukengurukira ivyo bihugu vya Afrika vyari birongowe na Tunisia kuba vyaratoye neza ku Burundi.

Mukamenya ko Umurwi ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu muri ONU( UNHRC) uherutse gutora ivyegeranyo bibiri ku gihugu c’Uburundi mu masaha atarenze 24, ivyegeranyo biza bivuga ko hoba imigwi ibiri yo gutohoza ku Burundi. Icegeranyo kimwe cashigikiwe na Leta y’Uburundi cashikirijwe n’umugwi w’ibihugu vya afrika, ikindi naco ciyamirijwe na Leta y’Uburundi cashikirijwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.

Icegeranyo cashikirijwe n’umugwi w’ibihugu vya Afrika cashitse ku ngingo yuko horungikwa abahinga batatu I Bujumbura gukora amatohoza bafadikanije na Leta; mu gihe icegeranyo cashikirijwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya coco cashitse ku ngingo yuko Umurwi ujejwe gutohoza uko agateka ka zina muntu mu Burundi wongewe ikiringo c’umuwaka umwe.