Imyiyerekano Yahariwe Icivugo ngo : « Bye Bye CPI ».

0

Leta y’Uburundi yaraye itunganije imyiyerekano idasanzwe ejo ku musi wa gatandatu itariki 28 Gitugutu 2017 yo gukenguruka cane ku ntambwe ya ‘kahise ka none’ Uburundi bwaraye buteye bwo kuva muri ya Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha ariyo CPI( iyisanzwe yagirizwa n’abategetsi bamwe bamwe ba Afrika guhohotera cane ibihugu vya Afrika) ku musi wa gatanu itariki 27 Gitugutu 2017. Iyo myiyerekano ikaba yaragizwemmwo uruhara abategetsi b’igihugu bo ku rwego rwo hejuru.

Abakora imyerekano ibihumbi barahuriye mu gisagara ca Bujumbura maze barangiriza iyo myiyerekano mugisagara hagati ahitiriwe Place de l’Independance( Ikibanza kizwi cane ko mbere nabakoze myiyerekano mu 2015 baharanira bashaka gushika kuri ico kibanza).

Uwari ahagarariye iyo myiyerekano akaba yaririmba indirimbo zo kwiyamiriza CPI maze amasinzi yabari muri iyo myiyerekano bagaca bishura n’inguvu nyinshi ngo« Bye Bye CPI » .

« Abansi b’Uburundi bashaka ko Uburundi bumera nka Libiya canke Irak. Barishe Saddam Hussein na Khadafi, bashaka gukora nk’ivyo kuri Nkurunziza. Ariko ‘Imana y’abarundi’ irakomeye », niko uwo yari ahagarariye imyiyerekano yamenyesheje.

Umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana, yamenyesheje abo bari mu myiyerrekano « gusengera ibindi bihugu vya Afrika kugira bikurikize akarorero k’Uburundi ». yabandanije amenyesha ko Sentare CPI « isuzugurana », ko ‘ikurikirana abahohotewe aho gukurikirana abakoze amabi’. Iyindi myiyerekano nkiyo yarakozwe no bindi bisagara bihambaye vy’igihugu nkuko Iradiyo y’igihugu yabimenyeshehje.