Uburundi Bushobora Gutakaza Agateka Ko Kwakira Inama Yimirije Ya COMESA.

0

Mu gihe hitezwe ko himirije kuba Inama idasanzwe ihuza Amasoko Rusangi y’Afrika Ubuseruko n’Ubumanuka COMESA(Common Market for Eastern and Southern Africa), kandi iyo Nama bikaba vyari bitegekanijwe ko yobera mu Burundi, amahirwe Igihugu c’Uburundi gifise ariko agabanuka cane kubera ko Uburundi butikwije neza mu bisabwa n’iyo Nama.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru The EastAfrican, hazoba Inama y’aba ministre bagize COMESA ku wa 3-4 Munyonyo 2017, aho hashobora kuba kuboneka ishigikwa ry’Uburundi naryo rikaba “ ritizewe ko rizokunda”,mu gihe COMESA imaze kwiyumvira ko Iyo Nama yobera mu gisagara ca Lusaka muri Zambiya.

The EastAfrican ibandanya imenyeshsa ko ibisabwa nka Internet bisabwa ku bwiyo nama ata bihari I Bujumbura, kandi ko ingingo ya COMESA muri Mukakaro 2017, iyari yafashwe n’ibihugu bishika 19 bigize COMESA ko Uburundi butokwakira iyo Nama, izoshigikwa. Ku wa 26 Mukakaro 2017,Uburundi, bubicishije ku mushikiranganji w’Ubudandaji n’amahinguriro, Pelate Niyonkuru, bwamenyesheje ko iyo ngingo yo kutemera ko Uburundi bwokwakira iyo nama ya COMESA “idafashe na gato”, amenyesha ko Uburundi bwatanguye kwitegurira iyo nama kuva muri Ntwarante 2017.

Nkuko The EastAfrican ibimenyyesha, ivyo bishobora kuba uruhombo ku Burundi mu gihe itokwakira iyo nama, kuko hitezwe cane ko hokwinjira amafaranga y’agaciro(devises) yabuze cane mu gihugu c’Uburundi kuva mu 2015 bivuye ku ntureka za politike no mu kibano.

Vyari vyitezwe ko intumwa zirenga 1000 za COMESA zokwinjiye mu Burundi zifise amafaranga y’agaciro kugira ngo igihengeri c’Ubukene bw’amafaranga y’agacitro bugabanuke maze ikigega ca leta kibone kubomboka kuri ubwo bukene bw’amafaranga y’agaciro.

Uwujejwe ivyimigenderanire muri COMESA, Mwangi Gakunga, yamenyesheje ati: “ Amatariki iyo nama izoberako yarungurujwe kugira habe imyiteguro myiza….Abashikiranganji ba COMESA bazokorana kugira barabe nimba Uburndi bwobandanya bwakira iyyo nama ya COMESA canke ko vyohinduka….