Imyerekano yo kwiyamiriza ONU, Michel Kafando hamwe n’Ubufaransa.

7

Inyuma y’aho Uwuserukira ONU mu Burundi ,Michel kafando, avugiye muri ONU ko ‘hagikenwe ibiganiro bidakumira mu Burundi kugira ingorane zihere, Leta y’i Bujumbura ntiyashimye ukwo kuntu Kafando yavyifashemwo. Abandi batumye Leta y’Uburundi itanezerwa n’uko babona ibintu bijanye n’Ihinyanyurwa ry’Ibwirizwa shingiro, ni igihugu c’Ubufaransa giheruka kuvugira ku mugarargaro ko ‘ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ataco rizomara kinini atari ugutuma inkehwa(minorités) nk’abatutsi batacitabwaho’. Ivyo vyatumye Leta y’Uburundi ica itunganya imyerekano yo kwiyamiriza Michel kafando, ONU hamwe n’igihugu c’Ubufaransa.

Mu makuru dukesha Iradiyo y’Abongereza BBC, abantu barenga amajana atatu bagize uruhara mu myiyerekano yo kwiyamiriza intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi Michel Kafando, ONU ubwayo hamwe n’igihugu c’Ubufaransa.Bamwe mu bitavye iyo myiyerekano bari baraye mu kibanza citiriwe ukwikukira, hagati mu gisagara ca Bujumbura mu masengesho yo gusabira Uburundi.

Michel Kafando azira ko ngo yabwiye Onu ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro aherutse kuba mu Burunsi atabaye mu muco.Abari mu mwiyerekano bakaba bari bitwaje inyandiko zisaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU ngo rikure ku rutonde rw’ibihugu birangwamwo umutekano muke Uburundi.

Ubufaransa na bwo nyene bwanebaguwe kuba bwashikirije ko ibwirizwa shingiro rishasha rikumira abarundi bo mu bwoko bw’abatutsi.Umwunganizi akanaba n’umuvugizi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Terence Ntahiraja yavuze ko “bitumvikana ingene Ubufaransa bwagirizwa ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu Rwanda buvuga ibintu nk’ivyo.”

7 COMMENTS

  1. With havin so much written content do you ever run into any problems of
    plagorism or copyright infringement? My site has a lot of completely unique content I’ve either authored myself or outsourced but it appears a lot of it is popping it up all over the internet without my
    permission. Do you know any methods to help protect against content from being stolen? I’d genuinely appreciate it.

  2. Do you have a spam issue on this website; I also am a blogger,
    and I was wondering your situation; we have developed some nice methods and we
    are looking to swap techniques with other folks, why
    not shoot me an email if interested.

  3. I’m really enjoying the design and layout of your blog.
    It’s a very easy on the eyes which makes it much more enjoyable for me to come
    here and visit more often. Did you hire out a developer to create your theme?

    Excellent work!

  4. Wow that was odd. I just wrote an really long comment but after I clicked submit my comment
    didn’t show up. Grrrr… well I’m not writing all that over again. Anyway, just wanted to say great blog!

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here