Imyaka mirongitatu n’icenda irarangiye umwami wa Reggea yitavye Imana

0

Robert Nesta Marley bataziriye Bob Marley yavutse itariki 6 ruhuhuma 1945 mu gihugu ca Jamaique mu gisagara ca Rhoden Hall akaba yagiye kwitaba Imana itariki 11 rusama 1981 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu gisagara ca Miami. Murico gihe akiri muzima yaracuraranze indirimbo nyinshi zo mu mudiho wa Reggea zaryoheye abantu benshi kw’isi.

Aho twovuga nk’indirimbo No Woman no cry, One Love, Simmer down, Bend douwn low, Catch a fire, Burnin, I shot the sheriff. Umurwi wamufasha kuririmba witwa The Waillers akaba yawutanguje muri 1963. Indirimbo ziringa 200 millions zikaba zaragurishijwe kw’isi yose. Bob Marley yatanguye kumenyekana igihe yasinya amasezerano n’ikigo c’umuziki Island Records.

Mu mwaka w’i1976 yarahatswe kuraswa arikumwe n’abagenzi be mu gisagara ca Kingston, yarasubiye kuririmba murico gisagara ariko mu nyuma haheze umwaka yaciye ahungira i Londres kuko indirimbo ziwe zagwanya akarenganyo ntizaryohera bose bamwe bakabona ko zagumura abanyagihugu. Ni murico gihe baca bamutora ingwara ya cancer baramusaba ko bomuca ukuguru ariko aranka. Niho guca asohora indirimbo Exodus, Kaya, Babylon by bus, Survival n’ibiteramo vyinshi mu bihugu vyinshi. Ariko ingwara ya cancer yaciye imukwira umubiri wose acayitaba Imana itariki 11 mai 1981.

Kur’iyo tariki abakunzi biwe bakaba bibuka uwo muririmvyi yacuraranga indirimbo zigwanya akarenganyo, ariko ubu uwo musi ukaba ushitse kw’isi hari ingwara ruhonyanganda coronavirus ibuza abantu gukoranira hamwe kugira bakore ibikoraniro vy’umuzika, ariko ivyo ntivyabujije abarastaman gusohora amaphotos ku mbuga zabo ngurukana bumenyi bibutsa uwo muririmvyi rurangiranwa.