Abandi bantu munani batoweko ikiza coronavirus m’Uburundi

0

Ivyo nivyavuye mw’itangazo ryasohowe kur’uyu wa kabiri Rusama 2020 n’ubushikiranganji bw’amagarara y’abantu. Ku bantu 136 bapimwe basanze 8 bagendana iyo ngwara. Bakaba biyongereye ku bagwayi 19 bari mu bitaro bariko baravugwa ariko bane muribo basanza batakigwaye uwo mugera bise covid-19. Bakaba baciye baronswa uruhusha rwo gutaha.

Ariko benshi bakaba batangazwa nuko bahamagara kuri za numero baronswa babonye uwufise ibimenyesto vya coronavirus zidakora, izo nazo zigatuma zamodoka ruseha abaniha zica ziza kubapima no kubashikana kubitaro. Ingwara ya grippe ikaba ari nyinshi i Bujumbura bigatuma abantu bibaza kwari coronavirus canke ari grippe isanzwe ariko iyubu ikaba ikaze cane irimwo umucanwa no guhema nabi no gucika inkokora, nkuko umunyagihugu umwe abitwiganira.

Abaganga baragerageza gutanga imiti imwe bita antibiotiques igwanya bimwe bikomeye iyo ngwara ya coronavirus umuntu agize Imana agatora agahengwe mugihe aba yamaze gusinzikara akaguma aryamye mu gitanda.