Gukomeretsanya hagati y’abanywanyi b’imigambwe birabandanya

0

Imishamirano irabandanya kwaduka hagati y’abanywanyi b’umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa hamwe n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi. Aho twovuga nko muri komine Bubanza kur’uyu wa gatanu aho abantu babiri bakomeretse umwe nawe aritaba Imana.

Abanywanyi barenga 50 b’umugambwe CNL nabo barahagaristwe mur’iki kiringo co kwiyamamaza. Agathon Rwasa akavuga ko ubwo ari ubwoba umugambwe uri k’ubutegetsi ufise ko ushobora gutsindwa mumatora yimirije kw’itariki 20 Rusama 2020. Agathon Rwasa akavuga ko uwuzobasotora bazomwivuna.

Ico naco ntibagihurizako n’igipolisi, umushikiranganji w’intwaro yo hagati hamwe n’umushikirizamanza mukuru aho bavuga ko gurtyozanya vyabaye vyinshi mur’iyo myiyamamazo ko hagiye gufatwa ingingo zo guhagarika uwo wese azorenga kumategeko y’amatora no kwiyamamaza.