Umugambwe CNL niwo wagirizwa guhungabanya umubano mu migambwe

0

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano mu gihugu c’Uburundi, Pierre Nkurikiye, yamenyesheje ko umugambwe wa Agathon Rwasa ariwo ahanini uvyura indyane hagati y’Imbonerakure za CNDD-FDD n’Inyankamugayo za CNL.

Ivyo bishitse inyuma yaho hariko haba ugutana mu mitwe hagati y’Imbonerakure za CNDD-FDD n’Inyamnkamugayo za CNL mu bice bitandukanye vy’igihugu muri iki gihe co kwiyamamaza.

Pierre Nkurikiye akavuga ko mbere n’umugambwe CNL uriko utegura ‘ukwiba amatora’, canke ‘fraude électorale’, ivyo aatasiguye mu buryo bwagutse.

Nkurikiye kandi akamenyesha ko abanywanyi ba CNDD-FDD naho usanga batanye mu mitwe naba CNL usanga ‘babikora mu kwivuna’; ivyo aba CNL nabo bamirira kure bakavuga ko aba DD aribo babasomborotsa.

Biraboneka cane ko leta y’Uburundi itariko yerekwa na gato ibikorwa vy’umugambwe mushasha yemereye gukora ku mugaragaro ariwo CNL.