UBM News ads

Igiturire muri EAC: Uburundi bugira kabiri inyuma ya Sudani y’Epfo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igihugu c’Uburundi cafashe ikibanza ca kabiri mu bihugu birangwa n’igiturire inyuma ya Sudani y’Epfo ifata ikibanza ca mbere mu bijanye no kurya ibiturire mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Ivyo bishirwa ahabona na Transparency International, Ibihugu bibiri vya EAC, Uburundi na Sudani y’Epfo, bitwara ikibanza ca mbere mu bijanye n’ibiturire.

Nk’uko iraporo ya Transparency International ya 2019 ibishira ahabona, Uburundi bufata ikibanza ca 165 ku bihugu 180 vyakozweko icegeranyo.

Hari uwoca yibaza iyo wa mugambi watanguzwa na leta y’Uburundi wa ‘Tolerance Zero’ iyo wagiye aho hari hafashwe ingingo yo kwiyamiriza no gushengeza uwo mutegetsi wese canke umunyagihugu wese azorya canke agatanga igiturire.

Ibindi bihugu vya EAC arivyo Urwanda, Kenya, Uganda na Tanzania vyovyo vyagaragaye ko vyifata neza mu bijanye no kurwanya ibiturire mu bihugu vyavyo.

Ibihugu vya Kenya na Uganda navyo bifata ikibanza ca gatatu mu muryango w’Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko mu bijanye no kurya ibiturire no kuvyakira.

Igihugu c’Urwanda, nk’uko Transparency International ibishira ahabona, coco cagaragaye ko ari kimwe mu bihugu vya Afrika y’Ubuseruko bitaragwa cane no kurya canke gutanga ibiturire.

Urwanda rukaba rwafashe ikibanza ca 51 ku bihugu 180 vyakozweko amatohoza na Transparency International. Aho ni mu gihe Sudani y’Epfo yoyo ifata ikibanza ca 179 ku bihugu 180 vyakozweko itohoza na Transparency International.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments