UBM News ads

Imyaka 26 irarangiye Président Cypriano Ntaryamira agandaguwe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kur’uyu wa mbere itariki 6 ndamukiza 2020 niho abarundi bibuka Umukuru w’igihugu Cypriano Ntaryamira aho yaguye mu ndege yari imureruye na mugenzi we w’Urwanda Juvenal Havyarimana. Iyo ndege ikaba yakoroste irashwe ibisasu bavuga ko vyoba ari bibiri vyo mu bwoko bwa misile. Iyo ndege ikaba yarigeze hejuru y’umuji wa Kigali mbere ikaba yaguye aho hariko iramanukira ku kibuga c’indege c’ikanombe ahari n’ikirimba c’umukuru w’igihugu Juvenal Havyarimana.

Président Cypriano Ntaryamira akaba yari yasubiriye Président Melchior Ndadaye yarahejeje kugandagurwa nawe itariki 21 z’ukwezi kwa cumi 1993. Mu Burundi ntahonyabwoko ryaciye ryaduka ariko mu Rwanda ibintu vyaracitse kuko haciye haduka abantu bahamagarira guhonya abandi ihonyabwoko rica riraduka amakungu asigara abara inkuru. Ariko m’Uburundi amagume yari yamaze kwaduka igihe hagandaguriwe Président Melchior Ndadaye.

Abantu benshi rero baribaza uwakoroye iyo ndege n’intumbero yarafise. Bamwe bakavuga ko ari intagondwa z’abanyarwanda baribegereye ubutegesti bwa Président Juvénal Havyarimana bakoroye iyo ndege kugira bamubuze guterako umukono amasezerano y’I Arusha yariko araharigwako n’ubutegesti bw’Urwanda n’abariko barabagwanya aribo umuhari FPR, abandi nabo bakavuga ko aruwo muhari FPR wakoroye iyo ndege kugira ntusangire ubutegesti n’abo vyagwana. Iryo honyabwoko rikaba ryatwaye abantu bashika umuriyoni w’abanyarwanda.

Président Cypriono Ntaryamira benshi bakaba bamwibukira kwijambo yashikirije igihe yariko arimikwa aho yashaka kugarukana discipline mu bisata vyose vy’igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments