UBM News ads

Igiciro c’igitoro caragabanutse cane kumasoko mpuzamakungu, hoba hariho akunguko k’Uburundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ibiciro vy’akagunguru k’ibitoro kagiye karakorora ibeyi kw’isoko mpuzamakungu aho akavuye kumadorari y’abanyamerika 63,6 $ mu kwezi kwambere 2020 kakaba kageze kuri 26,11$ kur’uyu wambere igenekerezo rya 6/4/2020. Aho ni kuva ikiza COVID19 cadutse mu gihigu c’ubushinwa muri kigarama 2019 hanyuma kigakwira isi yose.

Mubisanzwe iyo akagunguru k’igitoro (Baril) kaduze kw’isoko mpuzamakungu, leta y’uburundi yaca iduza igiciro c’igitoro kw’iritiro ivugako arico cabitumye, abakora mu gisata co gutwara abantu n’ibintu hamwe n’abanywesha igitoro bobo gushika ubu ntibarigera bamenyako igiciro caco cakorotse kuriryo soko ngo batezurirwe

Muri kino gihe igiciro c’igitoro muma sitasiyo y’igitoro mu Burundi nka bwose kikaba kikigurwa amafaranga yegereye 2400FBu mugihe kw’isoko mpuzamakungu cakorotse kurugero rurenga 50%. Ivyo vyatumwe n’uko ibihugu vyinshi vyasavye abantu kuguma mumazu yabo, ingendo zigahagarara, ibihugu vyacimbuye bikabura isoko.

Aho bikaba vyumvikana ko mu Burundi igiciro c’igitoro kw’iritiro categerezwa kutarenza 1200FBu abaye menshi ndetse n’ibiciro vyo kwiyunguruza bikagabanuka cane narirya igitoro ari kimwe mu bidandazwa uwukiranguye yemerwa kurengana mu bihugu vyose cokimwe n’ibifungurwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments