Ibiciro Vy’Umuyagankuba Vyadugijwe Vyahizwe Ahabona Na REGIDESO.

0

Ishiramqwe rijejwe ivy’amatara n’amazi mu Burundi ariryo REGIDESO ryatanguje ku mugaragaro uyu musi wa gatanu itariki 15 Nyakanga 2017 irindi soko ryo gutanga umuyagankuba ushika kuri 30 MegaWatts uzoboneka biciye ku bimashini iryo shirahamwe rigize imisi ritunganya neza mu gisagara ca Bujumbura.

Ibiciro vy’umuyagankuba vyagiye ahabona akaba ari nk’akarorero Kilowatts 150 zahora zigurishwa amafaranga 17 200 FBU zigiye kuzogurishwa kuva ubu amafaranga 43 500 FBU. Ivyo biciro bikaba vyadugijwe kubera iryo soko rindi rya 30 MegaWatts kugira ngo iryo shirahamwe rigerageze kugabanya icikagurika ry’umuyagankuba ryabaye ndanse mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati.

Bamwe bamwe bakaba babona ko ivyo biciro birenze urugero, abandi nabo bakavuga nyabuna ko umuyagankuba wobura uboneka ivyibicro ntaco bitwaye kuko hako umuyagankuba wobura, wobura uzimba ariko ukaboneka.

Raba hano uko biciro bigeye kumera: