Imisi 100 irarangiye Perezida Ndayishimiye arongoye Uburundi, n’igiki cahindutse ?

0

Umukuru w’igihugu mushasha w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yarahiye itariki 18 Ruheshi 2020, imisi ijana izoba irumanye itariki 18 z’ukw’icenda 2020. Leta yiwe akaba yayitiriye Leta Nkozi, Leta mvyeyi. Impunzi zikaba ziguma zitahuka mbere hakaba hagiyemwo iz’i Mahama mu Rwanda hambavu y’izo muri Tanzaniya.

Ariko haravugwa imirwano hirya no hino mu ntara ya Rumonge, Kayanza, Bubanza na Muramvya. Muvy’ubutunzi naho urwaruko rutagira akazi rukaba ruriko rurandikwa ku bwinshi ariko benshi baribaza akazi bazoronswa akariko.

Mwebwe mubona hokorwa iki kugira abarundi batere imbere bose atawuvuyemwo ?