Ibitero hirya no hino: umukuru w’igihugu ntaco aravuga…

0

Mu gihe haguma haba ibitero hirya no hino kandi bihitana ubuzima bw’abantu, umukru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, ntaco aravuga ngo ave mu gacerere maze ahumurize Abarundi n’amakungu.

Ibitero bihitana abantu ninavyo vyaranze cane iyi misi ijana Ndayishimiye amaze ku butegetsi.

Bamwe bamwe barabona ko Ndayishimiye ahanzwe n’abakora ibitero ‘batazwi'(rebelles mysterieux), naho bandanya imirimo yiwe ukuri kwamye.

Ibitero bikaba bikorwa n’umuhari urwanya ubutegetsi bw’Uburundi ariwo RED TABARA nk’uko wavyemeje kw’iradiyo y’Abongereza BBC.

Abihweza ibintu barabona ko reta ya Ndayishimiye ikwiye kuva mu gacrerere kugira ngo ihumurize Abarundi hamwe n’abandi baba mu buhungiro.

Mwomenya ko ibitero biriko vyibasira na cane cane abashigikiye ubutegetsi bwa Ndaysihimiye, na cane cane imbonerakure za CNDD-FDD mu bumanuko bw’Uburundi no mu bindi bice bitandukanye.

Reta y’ Uburundi rimwe na rimwe iremeza ko hari bantu bateye batazwi maze bakica abanyagihugu bakongera bakiba, ariko ntibigera  bavuga ko ari umurwi w’aba rebelles nka RED tabatra cake Forebu.