Ihagarikwa ry’abahoze mu gisirikare no mu gipolisi ca kera ryasubiriye

0

Abo bahagaritswe ni Colonel Pontien Baritonda, umusirikare wakera yitwa Prime Niyongabo batazira Komesha,  Zénon Nicayenzi, umunywanyi w’umugambwe CNL Désiré Gikobero. Ariko  Donatien Bigirimana wewe ntiyaronse ayo mahirwe kuko yiciye iwe atemaguwe muri komine Ndava intara ya Mwaro.

Aho ni mu gihe havugwa imirwano mu ntara ya Rumonge komine Burambi na komine Bugarama. Ayo masase akaba yumvikanye ku misi ya gatandatu no ku wamungu mu ndwi iheze. Umurwi urwana RED Tabara ukaba umaze kwemera kwariwo wagavye ibitero bimwe bimwe. Abenegihugu ubwoba ni bwose aho hariko haraba imirwano bamwe bagasabwa kugira amarondo abandi nabo bahitamwo kuja kwinyengeza iyo ijoro riteye.