Imishamirano hagati y’Imbonerakure n’Inyankamugayo izovamwo iki?

16

Muri iyi misi ya vuba, hariko haribonekeza cane imishamirano hagati y’imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD hamwe n’Inyankamugayo za CNL ya Agathon Rwasa.

Ububaho bigeze bamwe baribaza aho bizoshikiriza Uburundi mu misi iri imbere na rirya himirije amatora ya 2020.

Haribonekeza cane ukutihanganirana mu vya Politike aho urwaruka rw’imbonerakure zirenza uruguro maze rugetga imitego abanywanyi ba CNL mu ntara zitandukanye nkuko biguma bishirwa ahabona n’umugamwe CNL.

Akarorero ni mu gisagara ca Bujumbura aho hibonekehje iyo mishamirano ikaze hagati y’Imbonerakure za CNDD-FDD n’Inyankamugayo za CNL hafi umurango wose.

Iyo mishamirano yo mu Kanyosha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura yagiye kurangizwa n’uko abapolisi bahaserutse maze basukamwo mabisi kuko zaba Imbonerakure n’Inyankamugayo, bose bari babamvye ko atawurekurira uyundi, nk’uko amakuru akwiragira abimenyesha.

Mu ntara zimwe zimwe haribonekeza agatoteza gakaze cane aho umugambwe CNL ushira ahabona amasanamu ateye ikinya yerekana aho Inyankamugayo zakubiswe zirashaya.

Bamwe mu ba CNL baraboneka bakubiswe ivyuma mu mutwe, abandi bakavunwa amaguru abandi mbere bakanicwa.

Mwomenya ko umukuru w’igihugu ataco aravuga kuri iyi mishamirano igeze aho umwans ashaka.