Imiliyoni 5 USD zo kugwanya COVID-19 mu Burundi

0

Inama Nshingamateka y’Uburundi yaraye yemeje ko hagiye gushirwaho uko intererano yamafaranga angana imiliyoni 5 z’amadolari y’abanyamerika(hafi imiliayridi 15) azofasha mu bijanye no kurwanya no gukinga imiza ca Coronavirus.

Muri uwo mugambi nyene, Leta itegekanya gushikana mu gihugu hagati umugambi wo kurwanya Coronavirus aho harimwo gushikana mu gihugu hagati ibikoresho vyo gupima abikekwako ko boba bafise ingwara ya Coronavirus.

Ivyo vyose bikaba bizokorwa mu kiringo c’amezi 15 mu gihugu cose. Naho biri uko, Domitien Ndihokubwayo, umushikiranganji w’ikigega ca leta wewe yamanyesheje ko nimiburibiri hagikenewe imilioni nka 58 USD kugira ngo COVID-19 ihanganwe mu buryo bwuzuye mu kiringo c’amezi atandatu.

Mwomenya ko abarundi batari bake na cane cane ababa mu gisagara ca Bujumbura babayeho mu bwoba bwinshi gose ko abarwayi b’ikiza ca Coronavirus ari beshi gusumba ibitigiri leta y’Uburudni ibicishije ku bushikiranganji bw’amagara yu’Abantu buvuga.