Abakora ubuzi n’abadandaza barashima ku ibirori bizobera i Gitega

0

Kur’uyu wa kane niho hazokwimikwa umukuru w’igihugu mushasha, Evariste Ndayishimiye, azosubirira Président Nkurunziza aheruka kwitaba Imana ahejeje gutunganya amatora. Inyubwa nyinshi zikaba ziriko zirasirwa hamwe n’amabarabara hamwe n’ikibuga c’umupira w’amaguru c’Igitega citiriwe Stade Ingoma.

Abafise inzu zuburaro zakira ingenzi bakaba bashima ko ivyo birori vyabereye i Gitega, intara yagizwe umugwa mukuru wa politique ku ntwaro ya Petero Nkurunziza. Ngo kuko amakiriya ari benshi n’abakozi bakaronka akazi, eka n’abadandaza amarangi, ibisumwa barashima kuko amahera ariko araboneka nkuko atahora aboneka.

Mwomenya ko aribwo bwambere kuva Uburundi busubizwa intahe yo kwikukira umukuru w’igihugu arahiriye mu ntara ya Gitega. Akazorahira imbere y’Imana n’abenegihugu ubwambere akaba yarahira imbere y’abashingamateka. Ivyo bikaba vyahindutse igihe hahindurwa Ibwirizwashingiro mu mwaka w’i 2018.   Evariste Ndayishimiye akaba azoba agize umukuru w’igihugu uwumunani atwaye Uburundi kuva intwaro ya cami ihavuye mu mwaka wa 1966.