CENAP: ‘Urwaruka Rw’Uburundi Ntirwitaho Ivya Politike’.

0

Mw’itohoza ryakozwe n’ikigo kijejwe gukinga amabi CENAP( Centre National d’Alerte et de Prévention des Conflits), maze rishirwa ahabona ejo ku musi wa mungu itariki 24 Kigarama 2017,vyagaragaye ko urwaruka rw’Uburundi ruri hagati y’imyaka 15 na 29 « rudashaka kuba ruri mu mugambwe n’umwe w’ivya politike, kandi rukaba rutitaho na gato ibijanye na politike ».

Icegera c’umukuru w’ico kigo CENAP, umupfasoni Libérate Nakimana, yamenyesheje ejo ku kumusi wa mungu ko ayo matohoza yakozwe na CENAP ku rwaruka rw ‘Uburundi rushika ku 400 000 rwo mu ntara 18 zigize Uburundi.

Libérate Nakimana yamenyesheje ati : « Mu kwiyamiriza bivuye inyuma ukudahuza kuri mu migambwe ya politike yo mu gihugu, ibice 81,4% vy’urwaruka rwabajijwe ntibashaka kuja mu vya politike mu kwegukira umugambwe kanaka, mu gihe ibice 90% vy’urwo rwaruka babona ko boguma bigiye kure ikintu cose ca politike kugira birinde ingorane ».

Nk’uko Xinhua ibimenyesha, ivyo urwaruka rw’Uburundi rumenyesha « birafise ishingiro » ku bwa Léonce Ngendakumana. Ku bwa Ngendakumana, abanyepolitike b’Uburundi ni bake bashira inyungu zihambaye z’igihugu imbere hamwe no gushira inyungu zihariye z’Urwaruka, ivyo navyo bigatuma urwaruka rw’Uburundi ‘rutitaho na gato’ ivya politike.

Kugira bahangane n’uko ivy’urwaruka rw’Uburundi vyifashe, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bumenyesha ko Leta y’Uburundi izokorera kuri ayo matohoza yakozwe na CENAP kugira habeho ihimiriza mu rwaruka ryo gukunda igihugu, bizovyurira urwo rwaruka ‘Burundi bw’ejo’ kuja mu migambwe ya Politike ‘rubifiye ishaka’.

Muri iki gihe, igihugu c’Uburundi kirimwo abanyagihugu bashika ku miliyoni 11, muri bo ibice 2/3 vy’abo bakaba ari urwaruka ruri munsi y’imyaka 25.