Imiliyoni 141,8 $ Yo Gufasha Abarundi Imiliyoni 3,6 Bari Mu Nkenero Zidasanzwe !

0

Ku miliyoni hafi 11 z’Abarundi, imiliyoni 3,6 z’Abanyagihugu bari mu nkenero zidasanzwe nk’uko biri mu cegeranyo giheruka gusohoka gisohowe na Plan Réponse Humanitaire. Muri ico cegeranyo, harerekanwa ko hakenewe amafaranga ashika ku miliyoni 141,8 y’amadolari y’abanyamerika( hafi imiliyaridi 300 mu mafaranga y’amarundi) kugira abo bantu bagarukirweko mu maguru masha.

Ico cegeranyo cerekana ko umurundi 1 muri 4 abangamiwe cane n’ikiza c’inzara, ibiza vya Cholera na Malariya, ugufungura nabi. Abo bantu imiliyoni 3,6 bakeneye inkenero za mbere mu buzima kugira haryohorwe uko babayeho mu buryo budatebaganye, atari ukwo hashobora kwibonekeza ingaruka zibabaje.

Nk’uko ico cegeranyo kivyerekana, mu gihugu cose c’Uburundi kuva mu mwaka wa 2015, abanyagihugu benshi ibihumbi n’ibihumbi bisanga bari mu magume ; bamwe ugasanga ni impunzi hagati mu gihugu aho usanga bari mu ma sites y’abateshejwe izabo aho usanga ubuzima butoroshe namba, abandi nabo bakaba barahunze igihugu kubera intureka za politike.

Kubera ko igihugu c’Uburundi kibayeho gitubitse umukanda haba no mu migambi ya leta, amafaranga Leta ikoresha ku mwaka yagabanutse hamwe n’imfashanyo zitakibobeka, inkenero za mbere zihuta abategetsi b’Uburundi ntibashobora kuzishitsa zose harimwo ugukingirwa, ukuvurwa, amazi meza, uburaro bwiza, indero n’ibindi.

Facebook Notice for EU! You need to login to view and post FB Comments!