Imiliyaridi 2 FBU yo gusubiramwo isoko ya Kamenge

0

Mu rugendo umukuru w’igihugu c’Uburundi yakoze kuri uyu musi wa mbere kw’isoko yo mu Kamenge yahiye iratokombera ku musi wa gatandatu, yemeye ko hagiye kuboneka amafaranga ashika ku miliyaridi zibiri mu mafaranga y’amarundi ku bwo gusanura iyo soko.

Ayo mafaranga akaba yemewe gutangwa n’abagiraneza bamwe bamwe babagwizatunga bigenga batari muri reta ya Ndayishimiye.

Mw’ijmbo yashikirije kw’isoko yo mu Kamenge mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura akaba yihanganishije ababuriye ivyabo n’ubutunzi bwabo muri iyo soko.

Ndayishimiye akaba yaciye avuga ko iyo soko izosubirwamwo neza maze isubire gukoreshwa nk’uko vyahora biciye kuri iyo mfashanyo.

Reta mvyeyi ikaba nayo izogira ico ikoze kumbure naho uwurongoye iyo reta ataco yavuze uretse kuvuga ivyo abagwiwzatunga bigenga bazotanga kugira ngo iyo soko isubire gukora.

Mwomenya ko umushikiranganji wa mbere nawe yagendeye iyo soko yo mu kamenge igihe yasha mu gatondo ko ku musi wa gatandatu ari kumwe n’umukuru w’Inama Nkenguzamateka.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka akaba yavuze ku musi wa gatandatu ko iyo soko yari ifise ibibanza vyubatswe muu kajagari.