Imigwi y’abarwanyi Itegera Abantu Mw’ishamba Cimeza rya Rukoko: 2 barapfuye, 3 barakomereka.

0

Abantu bitwaje ibigwansiho barateye ku musi wa mbere ikigigwati kiri mu Burengero bw’Uburundi, maze bica abantu 2 hama bakomeretsa abantu batatu, nk’uko Ikinyamakuru Xinhua caganiriye n’abari aho hantu.

Umushikiranganji w’umutekano, Alain Guillaume Bunyoni akaba yaremeye ko ico gitero cabaye mu ntara ya Bubanza, ariko akaba atavuze abahasize ubuzima n’abakomeretse.

Icabona kimwe ciganiye Xinhua ati: :” Abantu bambaye impuzu za gisirikare bitwaje ibigwanisho barateye ikigwati mu masaha ya saa nane z’ijoro…maze bica umuhungu wanje bongera baraturira inzu yacu…uwundi muntu yaciye yicirwa mu yindi nzu yo hafi yacu,hama abandi batatu barakomereka cane“.

Abanyagihugu baba hafi y’Ishamba cimeza rya rukoko mu Ntara ya Bubanza bama babonye abantu bitwaje ibirwanisho bategera abantu bariko barengana mw’ibarabara rya Bujumbura-Cibitoki, hama bagaca bahungira mu gihugu ca Republika iharanira demokrasi ya Kongo.

Ivyo bitero bishobora kwemeza amakuru agize imisi akwiragizwa ko hoba hari abarwanyi biteguriye gutera Uburundi bari mu gihugu ca Repubika iharanira demokrasi ya Kongo, binkjira mu Burundi bagakora ivyo bishakiye harimwo kwica, kwiba hama bakisubirira iyo bari impundu amarembe.