Imfashanyo ya milioni 290 US$ irakenewe ku mpunzi z’Abarundi

0

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’amashirahamwe afasha impunzi ku musi wa mbere, hamanyeshwa ko nimimburiri hakenewe amafaranga ashika ku milioni 290 z’amadolari y’Abanyamerika kugira impunzi z’Abarundi ziri mu karere zifashwe.

Ayo mafaranga ashika ku miliaridi zirenga 1000 mu mafaranga y’Amarundi ashobora gukoreshwa na leta y’Uburundi amezi ashika kuri 9(turavye amafaranga ashika ku miliyaridi 1500 leta y’Uburundi ikoresha ku mwaka).

📷: UNHCR

Ivyo bikaba vyashizwe ahabona n’Ishirahamwe ryitaho impunzi ariryo HCR aho risaba aiyo mfashanyo yo gufahsa impunzi z’Abarundi zishika ku 367 000 ziri mu Rwanda, Tanzania, Uganda na RDC.

“Gushika ubu ibintu uko vyifashe mu Burundi ntibirasobanuka…naho umutekano wagarutse ku rugero runaka, ibijanye n’agateka ka zina muntu biracari nabi”, niko uwujejwe ibibaza vy’impunzi muri EAC, Clementine Nkweta Salami, yavuze.

Gushika ubu ibitigiri bitangwa na HRC ku bijanye n’impunzi ziri mu karere ni ibi bikurikira:

Tanzania (168,000), Rwanda (73,000), Ubuganda (48,000) na Republika iharanira Demokrasi ya Kongo(47,000).