Ikiza Ca Cholera Mu Ntara Zo Mu Buraruko Bushira Uburengero bw’Uburundi.

0

N’imiburiburi abantu batanu baramaze kugaragara ko bagwaye ingwara ya Cholera muri iyi ndwi muri Commune Rugombo mu ntara ya Cibitoke, ku bilometero 72 uvuye mu gisagara ca Bujumbura.

Abo bantu bose batanu bafashwe na Cholera babonywe muri Rusiga nkuko bitangazwa na XinhuaNet, bikamenyeshwa ko ubukene bw’amazi meza ari yo ntandaro y’ico kiza ca Cholera. REGIDESO ikaba isabwa gukwiza amazi meza akwiye mwako karere kugira ico kiza ntikibandanye gikwiragira.

Ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare Croix Rouge ryamaze gushikana abakozi baryo kugira bapompe amazu amaze kwandukirwa n’ico kiza kugira Cholera ntikwiragire. Buramatari w’intara ya Cibitoki, Joseph Iteriteka, yamenyesheje ejo ku musi wa gatanu ko hofatwa ingingo ruhasha kugira ikiza cha Cholera kiranduranwe n’imizi muri Commune Rugombo.

Intara zo mu kiyaya c’imbo kuva mu buraruko bwa Cibitoki gushika mu ntara ya Makamba zirakunzwe kwibasirwa n’ikiza ca Cholera ku mwaka ku mwaka mu gihe c’ici, cane cane hagati ya Myandagaro na Gitugutu.