Ibihugu Vya Iran N’Uburundi Vyemeje Ku Mugaragaro Gukorera hamwe Mu Vya Politike n’Ubutunzi.

0

Ibihugu uko ari bibiri vya Iran n’Uburundi vyaremeje biciye ku bashikiranganji b’imigenderanire n’ayandi makungu bivyo bihugu uko ari bibiri gushiraho ugukorera hamwe mu vya politike no mu vy’Ubutunzi, ayo masezerano akaba yari yasabwe n’Uburundi mu mwaka uheze akaba yaraye asinywe ku musi wa gatanu itariki 6 Gitugutu 2017.

Nkuko ikinyamakuru Islamic Republic News Agency kibimenyesha,imbere yo gusinya ayo masezerano, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Iran, Aqa-Jafari, yabanje kugira ikiganiro na mugenziwe w’Uburundi, Alain Aimé Nyamitwe ku vyerekeye gukorera ahamwe mu vya Politike.

Muri ico kiganiro, Alain Aimé Nyamitwe yarasiguye imigenderanire ya kivukanyi hagati y’Uburundi na Iran maze araha ikaze ayo masezerano yo gukorana hamwe mu bijanye n’Ubutunzi na Politike. Yamenyesheje kandi ko ubwo bwiyunge buzofasha cane cane mu bijanye n’Ubuhinga, mu vy’Ubuvuzi no mu vy’ubutunzi. Nyamitwe akaba mbere yarasavye ko abanya Iran bozana imitahe yabo mu Burundi bakaba benshi cane mu Burundi bafise ivyo bahakorera.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko ubwo bucuti hagati y’Uburundi na Iran bushobora kwunyura nivyari bihari ku bijanye n’imigenderanire Uburundi bwari bifitaniye n’ibihugu vya Amerika na Buraya( L’Occident) kubera ko ivyo bihugu bisanzwe vyaraciye igihugu ca Iran kubera umugambi waco wo guhingura ibigwanisho ruhonyanganda. Bikibukwa ko iyo migenderanire yari yabanje kubangirwa hamaze kuboneka igicure c’amakungu ku Burundi, ariko ubu ikaba isubiye kunaguka.

Igihugu c’Uburundi kiriko kirunga ubucuti budasanzwe n’ibihugu bidacana uwaka n’ibihugu vya Buraya na Amerika ( L’Occident), aho twovuga nk’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya risanzwe ridashigikiye na gato ibihugu bihingura ibigwanisho ruhonyanganda.

Mu misi iheze, Alain Aimé Nyamitwe yaragize urugendo mu gihugu ca Cuba,aho bemeranije kunagura imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri. Igihugu ca Cuba kikaba kidacana uwaka na Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Aho twokwibuka ukuntu leta y’Uburundi iriko ikomeza ubucuti ifitaniye n’Ibihugu nk’Uburusiya n’Ubushinwa navyo nyene bisanzwe bifise ico bidahurizako na Leta Zunze Ubumwe Za Amerika.