Makamba: Abantu 13 baguye mw’isanganya y’imodoka

0

Abantu bashika kuri 13 baraye baguye mw’isanganya y’imodoka ku rubibe rwa comine za Mabanda na Makamba, abandi indwi bakaba barakomeretse bikomeye.

Amakuru ashirwa ahabona akavuga ko iyo kamio yari itwaye abo bantu ejo ku mugoroba mu masaha ya saa mbili z’ijoro bari bavuye mu bugeni bw’ejo ku musi wa gatandatu.

Iyo camion bari barimwo imaze gushika ku kiraro c’uruzi Rukozi hagati ya Mabanda na Makamba yaciye yisuka muri urwo ruzi maze haca haba isanganya ikomeye.

Hakaba hari n’umwana yaciye arwa muri urwo ruzi yaburiwe irengero ryiwe ari muri abo 13 bahasize ubuzima.

Ayandi makuru akamenyesha ko iyo sanganya yatumwe no kuba bari bapakiye nabi muri iyo camion.

Bamwe naba barabona ko igipolisi c’Uburundfi cari gikwiye gukurikirana neza ko abagendesha amamodoka bakwije ivya ngombwa nko gukora ama controles techniques hamwe n’ibindi.