Impapuro zishika 18 nizo zisabwa abashaka kw’itoza mumatora yo 2020

0

Ivyo nivyashikirijwe n’umurwi CENI ujejwe gutegura amatora m’Uburundi kur’uyu wa kabiri aho uwo murwi urikumwe n’ubushikiranganji w’intwaro yo hagati bakoranijie abatwara imigambwe m’Uburundi n’abajejwe intwaro kugira babereke ibisibabwa kugira wemeregwe kw’itozo mu matora y’Umukuru w’igihugu, y’abashingamateka, abakenguzamateka, abahanuzi b’amakomine hamwe n’ab’imitumba. Izo mpapuro zigategerezwa kuba zatanzwe bitarenze itariki 25 ruhuhuma 2020.

Abatwara imigambwe baramenyesheje ko izo mpapuro ari nyinshi  cane kandi uwo mwanya ari muto uravye ingene amatora ariko aregereza. Bagasaba ko izo mpapuro zogabanywa na cane cane urupapuro bita casier judiciaire mugifaransa rwerekana ko atavyaha uwitoza yagirizwa. Urwo rupapuro abo batwara imigambwe bakavuga ko rutangirwa i Bujumbura gusa ko rutokuroha kuronka kuri bose’.

Pierre Claver Kazihise arongoye umurwi CENI yabishuye ko atakintu bongerako canke ngo bakureko mw’itegeko rigenga amatora ariko ko ko bazosaba abajejwe intwaro n’igipolisi gutanga ivyo bipapuro henshi hashoboka. Pierre Claver Kazihise akavuga ko ataribo batora amategeko ko abashingamateka nibabona izo mpapuro ari nyinshi bashobora kuzigabanya.