Igitoro cabuze mu ntara ya Ngozi

0

Imyidogo ni myinshi mu gisagara ca Ngozi aho iritiro n’inisu y’igitoro isigaye igugwa 6000 y’amahera y’amarundi iritiro yahora igurwa amahera arenga gato 2000 y’amarundi. Aho bakayadandariza mu mabido kuko ku ma station bavuga ko atagitoro kihari. Eka n’igiciro c’itike yo kwiyunguruza kikaba caduze kuko abunguruza abantu bagura igitoro ku mahera menshi.

Abenegihugu bakamenyesha ko ico gitoro kivomwa abajejwe umutekano babona. Abenegihugu bo mu ntara ya Ngozi bagasaba ko ico gitoro coboneka uko vyahora bisanzwe. Komisseri ajejwe umutekano mu ntara ya Ngozi yasavye ko atawusubira guhabwa igitoro akoresheje amabido.