Abahoze muri CNDD-FDD bava muri CNARED boba bariko basubira ‘mu ruhongore’?

0

Muri iyi misi hariko haba ibomborabombora rikaze mu runani CNARED rw’abatavuga rumwe na leta y’Uburundi. Urwo runani rukaba rufise icicaro gikuru mu Bubiligi.

Igitangaje rero ni ukuntu abariko baruvamwo ari abategetsi bari muri CNDD-FDD(abo bita aba Frondeurs). Aho twovuga nka Leonidas Hatungimana aheruka kumenyesha ko avuye muri urwo runani.

Naho Hatungimana yamenyesheje ko avuye muri urwo runani, ‘mwenewabo’ Onesime Nduwimana bahoranye mu ‘ruhongore rwa CNDD-FDD’ yaramwiyamirije ku mugaragaro ko umugambwe wabo utariko urava muri CNARED.

Nduwimana yavuze ‘ukuburanirwa’ kwa Hatungimana kubera vyanse ko aba umukuru wa CNARED incuro n’incuro agerageza.

Uwundi mu ‘frondeur’ akomeye yanditse ko avuye muri CNARED ni uwahoze ari umukuru w’Inama Nshingamateka, Pie Ntavyohanyuma, nawe akaba yahora mu ruhongore rwa CNDD-FDD.

Pie Ntavyohanyuma akaba yamenyesheje mu rwandiko rwaciye ruja ku ngurukanabumenyi nk’uko abandi bagenziwe bama babigenza iyo bavuye muri CNARED.

Hari uwokwibaza ko abo twokwita ‘intama zazimiye’ zoba zishaka ‘gusubira mu ruhongore’ zahoramwo na rirya amatora ya 2020 yegereje.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here