Hasigaye amasaha make Uburundi bugahura na Gabon mu mupira w’amaguru

0

Mu gihe urukino rw’abafise imyaka itarenza 23 rwahuza Uburundi n’igihugu ca Congo Brazaville rwarangiye ari ubusa ku bundi, abakuze n’abo bariko baritegura guhangana n’igihugu ca Gabon kur’uyu wa gatandatu isaha 14 n’iminota 30 amasaha y’i Bujumbura. Uwujejwe gutegura inkino mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, Yussouf Mossi, amenyesha ko abakinyi bose batumweko bashitse kandi amagara yabo yifashe neza bafatiye kuvyo abaganga babapima bavuga.

Yossuf Mossi amenyesha ko Uburundi bwatakaje amahigwe yo kuja mu gikombe ca Afrika c’umupira w’amaguru mu mwaka w’i 1993 aho Uburundi bwakina na Guinée Conakry, ati ariko ubu Uburundi bufise amahirwe menshi yo kwinjira mu gice ca nyuma c’igikombe c’Afrika c’Umupira w’amaguru kizobera mu gihugu ca Egypte mu kwezi kwa ruheshi na Kigarama. Uburundi buzotegerezwa gutsinda canke bukanganya n’igihugu ca Gabon.

Ingingo zijanye n’umutekano zikaba zamazwe gufatwa nkuko bimenyeshwa na Yussouf Mossi aho amatike 9500 yonyene ariyo azogurishwa mu ntumbero yo kugabanya umusunikano. Ikibuga naco kikazoba cugaye isaha 14, iminota 30 imbere yuko urukino ruba. Yussouf Mossi akaba yamenyesheje k’uwujejwe umutekano w’inkino muri CAF yamaze gushika mu Burundi, nihagira ikitagenda neza urukino ruzoca ruhagarikwa.

Umurwi w’igihugu ca Gabon nawo ukazoshika mu Burundi kur’uyu wa gatanu harimwo n’umusatirizi wabo yitwa Pierre-Emerick Aubameyang asanzwe akinira umurwi Arsenal mu bwongereza.