Igihugu c’Uburundi Kirabaye Ica Mbere Mw’isi Cikuye Muri Sentare Mpuzakungu Mpanavyaha CPI.

0

Bivuye ku ngingo igihugu c’Uburundi cafashe yo kwikura muri ya Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI mu mwaka uheze, uyu musi ku wa 27 Gitugutu 2017 niho haheze neza neza umwaka, maze iyo ngingio ikaba yagiye mu ngiro. Mukamenya ko Uburundi bubaye ubwa mbere mw’isi yose bwikuye muri iyo sentare mpuzamkungu, iyisanzwe yagirizwa kenshi ko ihohottera ibihugu vya Afrika.

Ibihugu vya kenya, Afrika y’Epfo na Gambia biramaze gushikiriza icipfuzo co gusezerera iyo Sentare. Afrika y’Epfo iyo ngingo ikaba yaciye isubizwa inyuma n’Inama Nshingamateka muri Ruhuhuma 2017.

Umuvugizi wa CPI I Geneve, Fadi El-Abdallah, yemeje uyu musi ku mugaragaro kuri Associated Press ko ingingo y’Uburundi kuva muri iyo sentare CPI ija mu ngiro uyu musi wa gatanu. Ariko rero, Fadi El-Abdallah, yamenyesheje ko ukwikura kw’Uburundi muri CPI kutabuza ko habandanya haba amatohoza ku mabi yakozwe mu Burundi.

Fadi El-Abdallah yamenyesheje ati: “ Ingingo igira iya 127 ivuga ko ukwikura muri CPI kudatuma ingingo zafashwe na CPI igihe ico gihugu cari kikiri muri CPI ziba impfagusa”. CPI ikaba igizwe n’ibihugu 122, ibihugu 34 muri ivyo bikaba biri muri Afrika.

Ingingo y’Uburundi yo kwikura muri CPI ntituma amatohoza yari yakozwe ubwa mbere ku Burundi ahagarara nkuko Fadi El-Abdallah yabimenyesheje. Ayo matohoza akaba yari yatanguye muri Ndamukiza 2016.

Ubuyobozi bwa Human Rights Watch buratewe impungenge yiyo ngingo y’uburundi ku buryo ibona ko ubutungane ku barenganijwe bitazoborohera ko batunganirizwa. Huma Rights watch yamenyesheje iti:“Uburundi kubona bwikuye muri sentare mpuzamakungu CPI ni akarorero ka none kerekana uko Leta yifata mu bijanye no gushaka gukingira abakoze amabi kugira ntibakurikiranwe. Dusaba CPI ko yokora ibishoboka vyose kugira abahuye n’akarenganyo ko botunganirizwa mu buryo nyabwo ”, niko Param-Preet Singh, umwe mu bayobozi ba Human Rights watch yamenyesheje.

Ushobora gusoma itangazo ngaha ryasohowe n’Umuvugizi wa CPI ku ngingo ya leta y’Uburundi.