UBM News ads

Ifoto yatumye abatari bake bibaza ibiriko bikorwa mu gisoda c’Uburundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ku mbuga ngurukana bumenyi, hariko harakwiragira ifoto yatumye abatari bake bibaza ibiriko bikorwa mu gisoda c’Uburundi.

Iyo foto yerekana abasirikarae babiri bakiri bato cane bamabaye impuzu za gisirikare c’Uburundi bari mw’ishamaba nk’uko boba bari ku rugamba canke barwiteguriye.

Abatari bake kuri Twitter bariko bibaza ko zoba ari Imbonerakure zo mu mugambwe CNDD-FDD zoba zahawe uwo mwambaro kugira basahirize ingabo z’Uburundi mu kurwanya imirwi y’abarwanyi yagisibije mu ntara zo mu Burengero z’Uburundi.

Umwanditsi umwe kuri Twitter yanditse ati kuri iyo foto: ” Leta y’ Burundi yoduha umuco kuraba bantu bambaye impuzu za gisirikare nibirato vyo kwinonora imitsi? Nibande?”.

Abatari bake bariteze ko n’imiburiburi igisirikare c’Uburundi kivuga kuri iyo sanamu y’urwo rwaruka ruboneka ko rwahawe uwo mwambaro wa gisirikare n’ibirato vya gisrikare.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments