Igisoda c’Uburundi kimenyesha ko ‘abantu bavuye mu Rwanda’ bakoze igitero mu Cibitoki

0

Igisoda c’Uburundi kimenyesha ko ‘abantu bavuye mu Rwanda’ bakoze igitero mu ntara ya Cibitoki. Igisirikare c’Uburundi cemanze ico gitero kw’iradiyo nkuru y’ igihugu, RTNB.

Ico gitero kikaba cakozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho maze baca basubira mu gihugu kibanyi n’Uburundi, arico Rwanda, nk’uko igisirikare cabimenyesheje.

Ivyo bikaba vyabereye mu ntara ya Cibitoki muri Commune Mabayi hafi y’umupaka n’Urwanda mw’ishamba cimeze rya Kibira.

Emmanuel Gahongano yavuze ko “umurwi wateye waciye usubira mu Rwanda inyuma yo gukora ico gitero’.

Ikinyaakuru kimwe co mu Rwanda camenyesheje ko ‘abasirikare batari bake b’Abarundi bashobora kuba barahasize ubuzima’.

Kugeza ubu nta vyononekaye biramenyekana kandi ko n’igihugu c’Urwanda kitaragira ico kivuze kuri iryo tangazo ry’igisirikare c’Uburundi.

Abatari bake baribaza nimba koko Urwanda rwoba ruriko rusomborotsa Uburundi mu gihe himirije amatora ya 2020.

Bikaba bimenyerewe ko ishamba rya Kibira mu Cibitoki bivugwa ko rishobora kuba ribika inyeshamba zija zirakora ibitero aha na hariya  nk’uko Urwanda narwo rubimenyesha.