Iciyumviro ca Hussein RADJABU kw’iyicwa rya Colonel Darius IKURAKURE NA Major Didier MUHIMPUNDU

0

Uburundi hamwe n’igisirikare c’Uburundi vyabuze kuri uwu wa kabiri intwazangabo zibiri zishwe zirashwe n’abantu bataramenyekana. Hussein RADJABU yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD aragira ico ashikirije kuri iryo gandagurwa ry’abasirikare babiri bakomeye mu gisirikare c’Uburundi.

Hussein RADJABU yagize ati : IRASWA RYA MAJOR MUHIMPUNDU RYABAYE , NGO N’UGUHORA COLONEL DARIUS IKURAKURE NK’UKO ABAKOKEZI BA PETERO NKURUNZIZA BAVYIGISHA.

DARIUS IKURAKURE yishwe arashwe mu gatondo k’uyu wa 22 /4 /2016 . ABAKOKEZI ba Petero Nkurunziza baciye batangura kwamamaza UBWOKO bw’uwamwishe ! N’ivyo mwakurikiranye.
Mu nyuma abitavye akamo k’abo Bakokezi ba Petero Nkurunziza baciye bica Major MUHIMPUNDU DIDIER yari ajejwe ivy’imiti maze naze baca bamamaza UBWOKO bw’uwamwishe.

Si DARIUS ! Si DIDIER ! BOSE bari Intwazangabo za FDN ” igisirikire citwa ko Petero Nkurunziza abereye Kizigenza ” canke we nyene yita ko abereye Kizigenza.

idee

Birababaje kubona uburundi buguma buhekurwa n’inyifato mbi ya Petero Nkurunziza mu gihe isi yose yahagurukiye ikibazo c’amahoro n’umutekano vy’abarundi nawe akaguma abayayata ko hatibagiwe ukubaryanisha. Muri uwo mwanya nyene aguma atsimbataza akarwi kiwe kugira ngo kagume kabiba UWUNDI mugera w’amacakubiri usubirira uwariko uratuzwa n’ikigwanisho abarundi bari bise ” AMASEZERANO YA ARUSHA Y’AMAHORO NO KUNYWANA “.

Abarundi bakwiye kumenya ko kuri Petero Nkurunziza nyene gukwegera akarambaraye abarundi,hicwa umurundi yitwa ko azizwa ababi yoba atumwa nawe ! Hicwa uwuharurwa mubo ibiro vyiwe vyoguhanahana amakuru vyise MUJERI canke terroriste, kuri we ni SHAURI YAKE. Abarundi ntibasamare bagume bihweza neza,bamurikishe neza amaso Imana yabahaye bakoresheje ubwenge kugira bamenye UMWANSI wabo basangiye maze bamuteshe kubateranya no kuguma ahekura uburundi akoresheje ya politike ya 《RYANE NDABATWARE NOROHEWE 》.