Ibomborabombora mu mugambwe FNL wa Yakobo Bigirimana

0

Umugambwe FNL wa Yakobo bigirimana uriko ubamwo induru zitari zike ziva mu batwara uyo mugambwe wahize ari uwa Agathon Rwasa.

Mu majambo yashizwe ahabona na bamwe mu batwara uwo mugambwe FNL mu ntara, bamenyesha ko umukuru w’uwo mugambwe, Yakobo Bigirimana, ko yigungirako ubutegetsi muri uwo mugambwe.

Yakobo Bigirimana akaba yagirizwa kuba ariwe afata ingingo zose muri uwo mugambwe, akongera akabuza abatwara umugambwe mu ntara kugira ico bakoze ku bw’inyungu z’igihugu.

Ikintu nyamukuru abo batwara umugambwe FNL basaba nuko indongozi z’umugambwe zohinduka maze ibintu bikaba bishasha, ariko nta wuzi ko yakobo amaze kwinjira muri Reta ya CNDD-FDD azokurwa ku butegetsi bwa Fnl maze ahebe inyungu zo muri reta.

Yakobo Bigirimana n’umugambwe wiwe uri mu kwaha kwa CNDD-FDD ukaba uvuga ko ivyo abo basangiye uwo mugambwe bavuga bidafise ishingiro nk’uko Radio imwe ikorera i Bujumbura ibivuga.

Abanywanyi ba FNL boba babona ko umushefu wabo yoba ariko ‘ararya wenyene maze akabirengagiza?Boba bashaka kwinjira ku mugaragaro mu mugambwe wa Agathon Rwasa, CNL?