‘Kuja mu Burundi kuburana ni nko kwiyahura’, Pierre Buyoya

0

Uwahoze arongoye igihugu c’Uburundi kandi yagirizwa kuba yarishe Melchior Ndadaye ariwe Petero Buyoya, aravuga ko kuza mu Burundi kuburana bigoye cane muri iki gihe aravye ibiba mu Burundi.

Ivyo akaba yabivuze inyuma y’aho reta y’i Gitega iciriye urubanza uwo Buyoya Petero ko ari mu bagandagauye Ndadaye Melchior ahejeje gutsinda amatora mu mwaka wa 1993.

Pierre Buyoya ntiyatevye kugira ico avuze kuri urwo rubanza mu kuvuga ko rwaciwe ‘hisunzwe gusa imvo za politike’.

Abajijwe n’abanyamakuru nimba koko azokwitaba ubutungane bw’Uburundi akava iyo ari mu bikorwa vy’Ubumwe bwa Afrika, yishuye ko bitoshoboka.

“Turavye uko ivyo mu Burundi vyifahse mu bijanye n’umutekano hamwe n’ubutungane, jewe kuja mu gihugu c’Uburundi kuburana bisa no kwiyahura”, niko Petero Buyoya yavuze.

Buyoya vuze gutyo biraboneka ko afise ubwoba cane bwo kuza mu Burundi kubera ko abona ko ashobora guca yicwa ubwo nyene.

https://twitter.com/VOAAfrique/status/1319699375401127936?s=20