Papa François yemeye ko abarongoranye basangiye ibistina bokwibanira

0

Ivyo yabivuye mw’ireresi yasohoye kur’uyu wa gatatu aho yamenyesha ko abubakanye basangayiye ibitsina bobareka bakabigira kumugaragaro mw’isengero no mu mategeko ya Leta. Papa Francois akavuga ko ivyo atamuntu yosubira kubibahora. Pape François akavuga ko mwenabo bantu baje gusenga barondera Imana ko atobabuza kuko atariwe yobacira urubanza.

Ivyo akaba atabihuriza ko n’abandi ba patiri ko hari abapatiri babonako kurongorana musangiye igitsina ari kurwanya umugambi w’Imana yashizeho umuryango ugizwe n’umugabo n’umugore. Eka no mu bihugu vya Afrika vyinshi abubakanye basangiye ntibarabwa ryiza kandi kenshi ntibabibemerera, benshi bagahitamwo kubikora mu mpisho.

Abakirisu benshi bo muri Afrika bakaba batangajwe n’ivyo vyiyumviro vya Papa François mbere benshi bakaba bibaza ko bamubesheye Papa François ivyo atavyoyavuze. Ariko bikaba vyaryoheye cane abasanzwe bafise iyo ngendo yo kurongorana bahuje ibitsina bagashimira Papa François ko yabakuyeko agatotezo bagirigwa.