UBM News ads

Umugambwe FPN nawo waratanze umukandida kur’uyu w’Imana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwo nawe akaba ari uwitwa Valentin Kavakure yatowe kur’uyu w’Imana n’umugambwe Front Populaire National urongowe n’uwitwa Billy Christophe Niyongabo. Uwo mugambwe ukaba ari mushasha k’urubuga rwa politique m’Uburundi.

Mu migambi yashikirije, Valentin Kavakure ahejeje gutorwa yamenyeshejeje ko azoshirimbere mu kwiyamamaza imigambi ijanye n’uburimyi, ubutunzi, no gutanga akazi kubashomeri babandanya biyongera mu gihugu cose.

Mwomenya ko abaye umukandida wa gatanu amenyeshejeje ko yipfuza kuja mu kibanza c’umukuru w’igihugu m’Uburundi mumatora y’imirije yo mu kwezi kwa gatanu itariki 20. Imigambwe ikomeye nka CNDD-FDD, CNL na UPRONA ikaba itaratanga abakandida babo ariko umugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi kuva mu 2005 bikavugwa ko uzokora ikoraniro kaminuza ryawo itariki 25 nzero Igitega.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments