Ibiziga bitatu vyatowe ku rubibe rw’Uburundi n’Urwanda

0

Mu gihugu c’Urwanda nko ku metero zikeyi gusa uvuye ku rubibe canke umupaka Uburundi buhana n’Urwanda, hari ibiziga bitatu vyahatowe bitaramenyekana abo aribo.

Ikinyamakuru co mu Rwanda catangajje iyo nkuru kiremeza ko boba ari Abarundi biciwe mu Burundi hama maze batabwa ku butaka bw’Urwanda.

Amakuru ashirwa ahabona avuga ko abo bantu bataramenyekana ko ari abarundi canke abanyarwanda  batowe mu gitondo co kuri uyu musi wa gatanu nk’igihe c’isaha zibiri z’agatondo muri District ya Bugesera nko mu metero zitanu uvuye ku butaka bw’Uburundi uja mu rwanda.

Nk’uko abategetsi b’Urwamda babivuze, abishe abo bantu baciye babambura impuzu zose maze kugira ntihagire ikibaranga na kimwe kiboneka.

Abatategsi b’Urwanda baremeza ko ivyo bintu vyama vyabaye aho abarundi bamwe bamwe bicwa hama bagatererwa ku butaka bw’Urwanda ku rubibe rw’Uburundi n’Urwanda.

Ubutegetsi bw’Urwanda bukamenyesha ko bugiye gukora ibipimo(autopsie) vy’abo bishwe maze harabwe abo aribo ko boba ari Abarundi canke abanywarwanda.

Igipolisi c’Uburundi ntaco kiragira ico gishikirije kuri izo mpfu zabo batowe ku butaka bw’Urwanda.