Uwuserukira Uburundi m’Ubufaransa yasavye ko Francophonie ihanagura ibihano

0

Haciye indwi zitatu gusa ubutegetsi bushasha bugiyeho, uwuserukira Uburundi mu gihugu c’Ubufaransa  aho ishirahamwe mpuzamakungu rihuza ibihugu bivuga igifaransa, Ernest Niyokindi, yasavye ko Uburundi bwokurwako ibihano bwafatiwe kuva aho habaye ikiringo cagatatu cateye ingorane nyinshi mu migenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu.

Ivyo akaba yabivugiye mu nama igira 110 y’uwo muryango w’ibihugu bivuga igifaransa yabaye kur’uyu wa kane. Ambassadeur Ernest Niyokindi akaba yamenyesheje ko Leta y’Uburundi ishaka gukorana n’uyo muryango wa Francophonie. Mu bihano Uburundi bushaka ko bihava n’igihano gihagarika gufashanya hagati ya Fracophonie n’Uburundi cafashwe itariki 7 mukaakro 2016.

Ico gihe uwo muryango wa Francophonie ukaba wafashe ivyo bihano kuko hari inryane za politike zirimwo no guhohotera kazina muntu harimwo n’ubwicanyi no kunyuruzwa. Umukuru w’igihugu mushasha, Evariste Ndayishimiye, akaba umusi yimikwa yamenyesheje ko ashaka kunagura imigenderanire n’ayandi makungu.

Louise Mushikiwabo, umunyamabanga w’uwo muryango wa Francophonie akaba yanditse kur’urubuga ngurukana bumenyi rwiwe rwa tweeter ko iyo nama yabaye kandi ko Uburundi bushaka ko busubira gufashanya n’uyo muryango wa Francophonie. Ariko akaba atamenyesheje ko ivyo uyo muryango nawo usaba kugira ukwo gufashanya gusubira ukwo kwari kumeze ubwambere.