Abantu barenga 250 baramaze kwandura umugera wa Covid-19 mu Burundi: ibitigira biguma vyiyongera

0

Abantu barenga 250 baramaze kwandura ikiza c’umugera wa Coronavirus mu gihugu c’Uburundi, ikimenyemenya c’uko ibitigiri biguma vyiyongera.

kuva umusi wa mbere, haratanguye isekeza ryo gupima ikiza c’umugera wa Covid-19 ku banyagihugu bose bavyipfuza na cane cane mu gisagara ca Bujumbura aho ico kiza catse indaro.

Ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu ntibuhengeshanya mu gushira ahabona ibitigiri bibandanya biduga ku musi ku musi.

Umukuru w’igihuguu, Varisto Ndayishimiye, yamenyesheje ko umugera wa Covid-19 ari ‘umwansi akomeye’ ku gihugu c’Uburundi, bitandukanye n’uko ‘sogokuru’ wiwe yari yafashe minenerwe ico kiza cica.

Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura ubu batekewe n’ubwoba kubera ibitigiri bibandanya vyiyongera cana vy’abandura uwo mugera uriko usasika inganda mw’isi yose.

Abanya Bujunbura bayaze na UBM News barabona ko nyabuna leta y’Uburundi ikwiye kwihutira gutanga za masques zo kwikingira maze rikaba itegeko ku banyagisagara ca Bujumbura kwambara utwo dupfukamunwa kugira ngo ubwandu ntibubandanye bwiyongera.

Leta y’Uburundi iheruka kuronswa canke mbere yama ironswa ibikoresho vyo kwikingira harimwo na masques zirenga imiliyoni 10 mu ntumbero yo kurwanya ikiza ca Coronavirus.