Ibiziga bibiri vyatowe bireremba mu ruzi Rusizi

0

Ibiziga bibiri bigizwe n’umugabo hamwe n’umukenyezi vyatowe bireremba mu ruzi Rusizi kuri uwu wa kabiri, muri komine Rugombo, intara ya Cibitoke. Ivyo biziga vyabonwe n’abanyagihugu bari bagiye mu mirima.

som

Abajejwe intwaro mu ntara ya Cibitoke bamenyesha ko abo bantu batowe ibiziga batamenyekanye, n’abanyagihugu bo muri ako gace ibiziga vyatowemwo bakaba bamenyesheje ko batashoboye kumenya abo bantu.

Abo bajejwe intwaro bafashe ingingo y’uguca bahambisha ivyo biziga kuko vyari vyamaze kwononekara.