UBM News ads

“Tugiye gufasha abaroberi”: Amajambo ashobora gutuma abanyamakuru ba Iwacu bafungwa imyaka 15

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ayo majambo ngo ‘Tugiye gufasha abarobeli’ yanditswe n’umwe mu banyamakuru bane ba Iwacu bagiye mu ntara ya Bubanza gutohoza amakuru yabiga ibitero hagati y’abarwanyi bahangana n’ingabo za leta.

Nk’uko abagiriza abo banyamakuru bane ba Iwacu babishira ahabona, imwe mu matarefone yumunyamakuru wa Iwacu basanzeyo ubutumwa buvuga gutyo yarungikiye umugenzi wiwe kuri WhatsApp maze bica bigaragara ko bagiriwe n’icaha.

Ubucamamza bwa Republika bukaba bwasavye ko abo banyamakuru bane ba Iwacu bofungwa imyaka 15.

Ariko rero urwo rubanza rwaciye rija mu mwiherero kugira ngo hazosomwe ingingo ya nyuma kuwa 30 Nzero 2020.

Mu kwieregura, uwo yagirijwe kurungika ubwo butumwa akaba yavuze ko hari ‘imvugo zikoreshwa hagati mu banyamkuru’ ariko ziterekana ko ari inkozi z’ikibi.

Uwo yagirijwe kurungika ubwo butumwa yatanze akarorero ko umuvyeyi ashobora kubwira umwana wiwe ko ‘aza kumwica’ ariko ntibisobonura ko uwo muvyeyi aza kwica uyo mwana.

Mwomenya ko amakungu abandanya asemerera ko abo banyamakuru bane ba Iwacu borekurwa ata kirinze gusabwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments