Leta ya Président Ndayishimiye n’umushikiranganji wambere CPG Bunyoni iritezwe

0

Inyuma yo kugenwa n’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, umushikiranganji wambere  Alain Guillaume Bunyoni n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza barahiye imbere y’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, mu nyubakwa y’amakoraniro yo mu kigobe. Benshi bakabona ko igihugu kigiye gutwarwa n’abasirikare n’abapolisi bakuru bakuru.

Ariko hakaba hibonekeje ugusiba kwa Agathon Rwasa, icegera cambere c’umukuru w’inama nshingamateka. Mu mugambwe CNL bakamenyesha ko iryo torwa batarimenyeshejwe kandi ko bari gutorwa n’inama nshignamateka nshasha.

Abarundi bakaba barindiriye kandi ishingwa rya Leta nshasha iza gushingwa na Commissaire de police General Alain Guillaume Bunyoni. Mwomenya ko ikiringo ca Leta yari irongowe na Président Nkurunziza cari guhera mu kwezi kumunani hagati ariko kubera urupfu giturumbuka ca Président Nkurunziza, sentare ishinzwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yasavye ko umukuru w’igihugu yatowe  Evariste Ndayishimiye yotangura amabanga yiwe.