Icayi n’ikawa vyoba bigiye gusubira kuzana amafaranga y’agaciro ?

0

Imiriyoni 3680 z’amafaranga y’abanyaburaya  niyo mafaranga Ubumwe bwaburayi bwaraye butanze mu kigega ca Leta kugira bushigikire ibisata vy’ibiterwa vy’icayi, ikawa n’ibindi biterwa njabuka mazi. Ubumwe bwa Buraya bukabona ko ivyo biterwa bidahiganwa uko bikwiye ku masoko mpuzamakungu aho ni mu bwinshi canke m’uburyohe. Amasoko ashaka gukorerwako cane n’uwo mugambi w’Ubumwe bwa Buraya n’amasoko y’ibihugu vya Buraya n’amasoko y’ibihugu vyo m’ubuseruko bwa Afrika.

Amashirahamwe ISABU, ARFIC na BBN azoronswa ibikoresho n’ubuhinga bikwiye kugira akanovera n’umwimbu vyiyongere. Mwomenya ko umwimbu w’igiterwa c’ikawa wahora uzanira amahera y’agaciro menshi mu kigega ca Leta wagabanutse cane kuva aho ico gisata gishiriwe mu minwe y’abigenga. Aho naho igiciro kikava kukungene isoko mpuzamakungu ryifashe. Iyo rero igiciro gikorotse umurimyi agaca adebukirwa, ahandi naho ntaronswe udufaranga twiwe n’amashirahamwe arangura ikawa.

Ivyo rero bigatuma umurimyi yitaho ibindi biterwa bimuzanira akarusho. Ariko Leta y’Uburundi yarashinze igiciro kimwe kidahindagurika irongera irahagarika amashirahamwe amwe amwe adahemba abarimyi