Ibihugu Vya Amerika n’Uburusiya Ntibicana Uwaka Ku Ikibazo Co Muri Syria

0

Inyuma yaho Amerika itereye igihugu ca Syriya ama missiles ejo hahise ku musi wa gatanu mu gice vyiyumvirwa ko ariho ubutegetsi bwa Bashar Al-Assad bwarungikye ibigwanisho vy’ubumara ku banyagihugu ataco bazira, igihgu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kibicishije ku wugiserukira muri ONU, Nikki Haley, camenyesheje ejo kumusi wa agatanu hahise mu Nama y ‘umutekano yihuta ya ONU, ko Amerika ‘izokora ibirenze ku vyerekeye Syria igihe yobandanya ikoresha ibigwanisho vy’Ubumara’ mu guhohotera anbanyagihugu ataco bazira.

Uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri ONU, Nikki Haley, yatangaje ko ibitero Amerika yakoze ku kibuga c’indege kiri m’uburaruko bwa Siriya, mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatatu, bifise insuguro. Ivyo Haley yabishikirije mu nama yihuta ya ONU, yabaye kur’uyu wa gatanu.

Haley yavuze kandi ko bikenewe bazokora ibirengeye ivyo, yamara ko yizeye ko bitazoba ngombwa ko bashika kure. Amerika yatangaje ko bateye ibisasu vya misile kur’ico kibuga c’indege, bivuye ko arico kibanza Reta ya Bashar al-Assad ikoresha mu gukora ibitero vy’ubumara, nk’ivyo yakoze k’umunsi wa kabiri.

Nikki Haley avuga ko amakungu ategerezwa guhindura uburyo bwo guhagarika intambara muri Siriya. Uburusiya, bubicishije k’umushingamateka wabwo muri ONU bwatangaje ko bwashavujwe n’ibitero vya Amerika, bukavuga ko Amerika yarenze ku mategeko mpuzamakungu.

Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU

Ibihugu bitari bike vya Buraya vyashimye ingingo ya Amerika yo gutera misile muri Siriya. Bivuga ko ar’iyo nyishu yar’ibereye, naho bamwe muribo bavuga ko ikibazo ar’ukwisunga amategeko mpuzamakungu.

Uburusiya bukaba butanezererwa niyo ngendo ya Amerika, bwo bukavuga ko amerika ‘yavogereye ubwigenge bwikindi gihugu’ ca Syria. Nkuko CNN yabitangaje, uyu musi hari ubwato bw’intambara bw’Uburusiya bwazindutse bwegera aho ubwato bw’intambara bwa Amerika buri mu kiyaga Mediterane kandi bwakoreye ibitero vya missile ejo kuwa gatanu hahise.

Abihweza ibintu baravuaga ko imigenderanire hagati ya Amerika n’Uburusiya yononekaye, mbere Uburusiya bukaba bwaraye butangaje ko bwahagaritse “ uguhanana amakuru na Amerika” muri Syria ivyo navyo bikaba vyatuma indege zivyo bihugu bibiri zitagonganana muri ico kirere ca Syria mu gihe ivyo bihugu vyose biriko bigira ibitero vy’indege mwico gihugu ca Syria.

Mugihe ataco korwa vyihuta, ivyo bibugu bibiri vya Rutura kwisi bishobora gutana mu mitwe muri Syria bivuye ku kuba ata guhana amakuru ku ndege zivyo bihugu ukwo ari bibiri. Igihugu ca Iran naco kikaba kitanezerejwe nivyo bitero vya Amerika muri Syria.

Gushika ubu ivyo bihugu ukwo ari bitatu, Amerika, Uburusiya na Irani, ntibicana uwaka kuri ivyo bitero vya missile muri syria vyakozwe na Amerika.