Mu gihe ibiro vy’umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi, Benjamin Mkapa, yamenyesheje ko ibiganiro bitangura uyu musi i Arusha, biragaragara ko Leta y’Uburundi hamwe n’amashirahamwe ayegereye batagiye i Arusha muri ivyo biganiro vyo ku ncuro ya gatanu. None ibiganiro ubwo bigiye kuba?Canke Mkapa yoba agiye gutamba yirorera?
Leta y’Uburundi ikaba yatanze impamvu isaba ko ibiganiro bitegekanijwe uyu musi wa 24 Gitugutu 2018 vyokwungururizwa ku yindi sango kubera ko uku kwezi kwa Gitugutu ari ukwezi kw’ ‘kigandaro’ ku gihugu c’Uburundi.
Le mois d'octobre étant un mois de deuil au #Burundi, le @BurundiGov a suggéré un report de la session que la Facilitation a convoquée pour ce 24 octobre et garde l'espoir que cette dernière s'associe, comme d' accoutumée, aux burundais dans ces moments de triste mémoire.
— Burundi Government (@BurundiGov) October 23, 2018
Ariko gushika nubu, Benjamin Mkapa nta nyishu iboneka araha leta y’Uburundi kuri ico gisabo co kwigiza inyuma ibiganiro bihuza Abarundi.
Ikinyamakuru cegereye leta cane , Intumwa News, kimenyesha amasoko y’inkuru yaco ko ‘yaba umugambwe CNDD-FDD, leta y’Uburundi, amshirahamwe ategamiye ivyicaro vya politike[yegereye ubutegetsi cane, kuko ayegereye abatavuga rumwe na leta yaramaze gushika i Arusha mu biganiro] hamwe n’imigambwe itagira abashingamateka(partis de l’opposition extraparlementaire)’, ata numwe yitavye ibiganiro i Arusha.
Selon une source bien informée,ni le @BurundiGov,ni la société civile, ni le @CnddFdd, ni les partis de l'opposition extraparlementaire, ni les organisations des jeunes et des femmes ….. personne ne sera à Arusha pr le dernier round du dialogue #Burundihttps://t.co/WXpgWVk0YQ
— Intumwa Burundi (@IntumwaNews) October 23, 2018
Mu gihe hakiri impari ku vyoganirwako hamwe n’abokwitaba ibiganiro, umugambwe uri ku buetegetsi usaba leta kuja hamwe na Mkapa bakayaga ku botumirwa mu biganiro bihuza Abarundi.
#Burundi: les opposants qui figurent sur la liste des personnes recherchées par la justice ne seraient pas invités à Arusha(sce à Arusha)
— SN News (@Snnews6) October 23, 2018
Nk’uko SN News ibishira ahabona, nta muntu numwe mubasazwe bafise imitahe mpuzamakungu ibahagarika yatumiwe mu biganiro bihuza Abarundi, nk’uko isoko ryayo ribimenyesha.