Ibibazo vy’Uburundi, Kongo Biraganirwako mu Nama y’Ibihugu Vy’Ibiyaga Binini I Brazzaville.

0

Mu gihugu ca Kongo( Brazzaville), harategekanijwe Inama idasanzwe ikoranya abaserukira ibihugu vyo mu biyaga binini. Muri iyo nama hakaba hategekanywa kuganirwako ibibazo vy’imidurumbanyo iriko iba mu Burundi, muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, Republique Centralafrique na Sudani y’Epfo. Iyo nama ikaba ikoranya ibihugu 12 kuri uyu musi wa kane mu gisagara ca Brazzaville.

Nkuko ikinyamakuru News24 cabimenyesheje, iyo nama idasanzwe iza gukoranya abakuru b’ibihugu vya Angola, Burundi, Republique centralafrique, Republika iharanira demokrasi ya Kongo, Kongo-Brazzaville, Kenya, Urwanda, Sudani, Sudani y’Epfo, Tanzaniya, Ubuganda hamwe na Zambia.

Abategetsi bo ku rwego rwo hejuru hamwe n’abashikiranganji b’imigenderanire n’ayandi makungu bakaba bakoze inama ku musi wa mungu no ku wa mbere muri ico gihugu ca Kongo, ku murwa mukuru waco Brazzacville.

Uyo murwi w’ibihugu vy’ibiyaga binini wama wakoranye buri mwaka witwa ICGLR : International Conference on the Great Lakes Region), ukaba waheruka gukorana mu nama nkiyo muri Ruheshi 2016. Ibiza kuva muri iyo nama bikaba bizomenyekana.