Abanyarwanda babujijwe kuza mu Burundi

1

Mw’ijambo ryashikirijwe n’uwutwara igsirikare ejo ku musi wa kane igenekerezo rya 21 ntwarante 2019, abanaywaranda baba ku mupaka n’Uburundi babujijwe kuza mu Burundi kubera impamvu z’umutekano.

Mw’itangazo bashize ahabona, abategetsi mugisirikare babwiye Abanyarwanda bose bazohirahira ngo baze mu Burundi ko bazofatwa nk’abansi b’igihugu kandi ko ‘uwuzobirengako ashobora gupfa canke kuraswa’, niko BBC yamenyesheje.

“Turabagabishije, mureke kuja mu Burundi kuko atari umubanyi mwiza mw’ino misi. No gusabiranira umugeni ntimugeze ngo mu bikore”, niko umukuru mu gisirikare yiswe Mubalaka yamnyesheje.

Abanyarwanda kandi barabujijwe no kuja gusenya inkwi mu mashamaba ahana urubibe n’Uburundi nka za Nyungwe n’ahandi.

Urwanda rukaba rwagiriza Uburundi kubika abashaka kuja guhungabanya ubutegetsi bwa Kagame, ivyo Uurundi bwamirira kure.

1 COMMENT

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here